Joined August 2015
3,153 Photos and videos
Pinned Post
#FOCODE | ÉMISSION – X SPACE | #CONGRÈSCITOYEN – Édition #36 📅 Dimanche 5 juillet 2026 🕕 18h00 (heure de Bujumbura – GMT 2) 📍 En direct sur X (Twitter) – @FOCODE_ 🇧🇮 #Burundi : Fête de l’Indépendance 2026 : quand Évariste Ndayishimiye, prisonnier des clivages, ravive le syndrome de « l’ennemi de la nation » et instrumentalise l’histoire à travers une lecture partisane et biaisée. 🔴Contexte À l’occasion du 63ᵉ anniversaire de l’indépendance du Burundi, le discours présidentiel n’a pas seulement célébré une date fondatrice. Il a aussi ravivé une vieille fracture : celle d’un récit national où certains Burundais semblent encore renvoyés à la figure de « l’ennemi de la nation ». Derrière les mots officiels, une question demeure : s’agit-il d’un appel à l’unité ou d’une manière de relire l’histoire à travers les clivages du présent ? À force de désigner, de soupçonner ou d’exclure, peut-on encore construire une mémoire commune ? Cette émission tentera de répondre à trois questions essentielles : 1⃣Pourquoi le pouvoir ravive-t-il aujourd’hui le syndrome de « l’ennemi de la nation » et à qui profite cette rhétorique ? 2⃣Le discours présidentiel célèbre-t-il véritablement l’indépendance ou instrumentalise-t-il l’histoire au service d’un projet politique ? 3⃣Peut-on bâtir une nation réconciliée lorsque certains Burundais demeurent enfermés dans la figure de « l’ennemi de la nation » ? 🔴 Invités : 1⃣Pacifique Nininahazwe, Président du FOCODE 2⃣Frédéric Bamvuginyumvira, Président de la Coalition CFOR-Arusha 🔴 Animation : 1⃣ Alice Hakizimana, Journaliste / Co-host 2⃣Gilbert Niyonkuru, Journaliste / Co-host 📢 Rejoignez-nous pour un débat citoyen sur l’histoire, la mémoire nationale, la responsabilité politique et les conditions d’une véritable réconciliation au Burundi. #FOCODE #CongrèsCitoyen #Burundi #Indépendance2026 #MémoireNationale #Histoire #CohésionNationale #Réconciliation #Démocratie #DroitsHumains #XSpace @GeneralNeva , @NtareHouse , @KwaNtare , @MininterInfosBi , @nshingamateka , @Burundi_senat, @pnininahazwe , @Bamvuginyumvi14 , @niyogilbert1 , @Misslys2023 , @janvierbig , @Ndayishemeza_ , @GNiyungeko , @FNisabwe
4
24
48
12,621
Muratubabarira option commentaire nubu ntiyashobotse .
1
4
2,013
🔴 Ikiganiro ku vyaranze ihimbazwa ry'imyaka 64 Uburundi bumaze bwikukiye. Guhimbaza imyaka 64 Uburundi bumaze bwikukiye vyabaye mu mice ibiri ihambaye: ijambo ry'umukuru w'igihugu be na défilé idasanzwe y'igisoda. Mw'ijjambo ryiwe, Prezida Ndayishimiye yemeje ko : 1. Abatwaye Uburundi mu gihe bwikukira bari aba PDC 2. Indongozi za Ekleziya Katolika n'amashirahamwe yigenga zigendera mu vyiyumviro vya PDC 3. Umugambwe UPRONA urongowe n'aba PDC kuva Umuganwa Rwagasore yishwe 4. Umugambwe FRODEBU uri mu vyiyumviro vya PDC kuva Prezida Ndadaye yishwe. 5. Abize bahunga ibikorwa mu Burundi bahurumbira ibindi bihugu bihugu barya badakoze, bamwe bagasubira mu bakoloni kubera ivyiyumviro vya PDC. PDC ni iki ? Iyi mvugo iryanisha Abarundi iriko iva kuki ? Koko uwerekanye ikitagenda neza mu Burundi aba abaye umu PDC ? Défilé y'igisoda yarerekanye inguvu igisoda c'Uburundi, aho habonetse abasirikare bize ubuhinga budasanzwe n'ivyuma vy'intambara bitari bike. None bigenda gute ngo igisirikare gikomeye gutyo kibe kiriko kirahura n'ivyago bikomeye muri RDC ? Amakuru y'intambara yoba yifashe gute muri kino gihe ? 🔴 TUBIGANIREKO FOCODE yabateguriye ikiganiro kuri bino bibazo vyose. Ikiganiro kiza kuba kuri uyu mugoroba, guhera isaha icumi na zibiri (18h) ku masaha y'Uburundi. Kiza guca ikibiriraho kuri Twitter (X) ya FOCODE, mu buryo bwa Space. Kirongera gice no kuri Facebook ya FOCODE. Abatumire ni babiri : 1. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari Icegera c'umukuru w'igihugu, ubu arongoye urunani CFOR-Arusha. 2. Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE. Kiremeshwa n'abamenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru na Alice Hakizimana. 🔴 Abavyipfuza baraza kwunganira abatumire canke nabo bababaze utubazo twabo. Turabahaye ikaze.
16
7
19
24,162
🔴 Ibi bintu vya PDC Prezida Ndayishimiye yavyadukanye abivanye hehe ? Mw'ijambo ryo guhimbaza imyaka 64 Uburundi bwikukiye, Prezida Ndayishimiye yaratanze ibintu bitangaje : 1. Abakoloni bagiye bishe indongozi zaharaniye ukwikukira maze igihugu bagisigarane abanywanyi ba PDC ! 2. Kuva ico gihe UPRONA irongowe n'abanywanyi ba PDC. 3. Abarongoye Ekleziya Katolika n'amashirahamwe yigenga bagendera mu vyiyumviro vya PDC ! 4. FRODEBU kuva bayiciye umutwe nayo nyene igendera mu vyiyumviro vya PDC ! 🔴 TURABIGANIRAKO Mbega uyu mugambwe PDC uvugwa amateka yawo ameze gute ? Koko warasubiriye kubaho inyuma y'ukwikukira kw'Uburundi ? Ko Leta Rwagasore yari yagenye ariyo nyene yabandanije ikatugeza kuri indépendance, tuvuge ko Rwagasore yagenye Leta y'aba PDC ? Kubera iki Prezida Ndayishimiye yadukanye bino bintu muri kino gihe ? Bwoba ari ubushakashatsi aherutse gukora, inyuma y'imyaka 21 CNDD-FDD imaze ku butegetsi canke hari ikivyinyegeje inyuma ? 🔴 Ntimutangwe ikiganiro FOCODE yabateguriye kuri uno mugoroba,muraza kuhumvira amabanga menshi ya kahise k'Uburundi, na canecane kahise kajanye n'ibihe vyo kwikukira
2
11
37
16,039
x.com/i/spaces/1RKZzzLjONNKB…
#FOCODE | ÉMISSION – X SPACE | #CONGRÈSCITOYEN – Édition #36 📅 Dimanche 5 juillet 2026 🕕 18h00 (heure de Bujumbura – GMT 2) 📍 En direct sur X (Twitter) – @FOCODE_ 🇧🇮 #Burundi : Fête de l’Indépendance 2026 : quand Évariste Ndayishimiye, prisonnier des clivages, ravive le syndrome de « l’ennemi de la nation » et instrumentalise l’histoire à travers une lecture partisane et biaisée. 🔴Contexte À l’occasion du 63ᵉ anniversaire de l’indépendance du Burundi, le discours présidentiel n’a pas seulement célébré une date fondatrice. Il a aussi ravivé une vieille fracture : celle d’un récit national où certains Burundais semblent encore renvoyés à la figure de « l’ennemi de la nation ». Derrière les mots officiels, une question demeure : s’agit-il d’un appel à l’unité ou d’une manière de relire l’histoire à travers les clivages du présent ? À force de désigner, de soupçonner ou d’exclure, peut-on encore construire une mémoire commune ? Cette émission tentera de répondre à trois questions essentielles : 1⃣Pourquoi le pouvoir ravive-t-il aujourd’hui le syndrome de « l’ennemi de la nation » et à qui profite cette rhétorique ? 2⃣Le discours présidentiel célèbre-t-il véritablement l’indépendance ou instrumentalise-t-il l’histoire au service d’un projet politique ? 3⃣Peut-on bâtir une nation réconciliée lorsque certains Burundais demeurent enfermés dans la figure de « l’ennemi de la nation » ? 🔴 Invités : 1⃣Pacifique Nininahazwe, Président du FOCODE 2⃣Frédéric Bamvuginyumvira, Président de la Coalition CFOR-Arusha 🔴 Animation : 1⃣ Alice Hakizimana, Journaliste / Co-host 2⃣Gilbert Niyonkuru, Journaliste / Co-host 📢 Rejoignez-nous pour un débat citoyen sur l’histoire, la mémoire nationale, la responsabilité politique et les conditions d’une véritable réconciliation au Burundi. #FOCODE #CongrèsCitoyen #Burundi #Indépendance2026 #MémoireNationale #Histoire #CohésionNationale #Réconciliation #Démocratie #DroitsHumains #XSpace @GeneralNeva , @NtareHouse , @KwaNtare , @MininterInfosBi , @nshingamateka , @Burundi_senat, @pnininahazwe , @Bamvuginyumvi14 , @niyogilbert1 , @Misslys2023 , @janvierbig , @Ndayishemeza_ , @GNiyungeko , @FNisabwe
4
13
23,267
Mu gihe Reta y’u #Burundi iheruka gutangaza ko igiye kugarukana indinganizo ya kera mu gisata c’indero inyuma y’imyaka 13, umurezi Eulalie Nibizi yahoze aserukira sendika z’abigisha akaba n’uwuharanira agateka ka zina muntu agira ati : “muri sendika z’abigisha twaragerageje gusemerera mu kumenyesha Reta intambamyi z’ishure shingiro imbere y’uko iyo indinganizo ishirwa mu ngiro ariko ntibigeze badutega amatwi”. Musomyi nawe udukurikirana, ku bwa we habuze iki canke hokorwa iki mu gisata c’indero ? #Zirikana
3
8
16
14,125
"Turavye neza twasanze abava ngaha baja guhurumbira ibindi bihugu baba bahunze gukora, baba bahunze ibikorwa kugira baje mu bihugu bobo bakoze gushika aho batera imbere. Harateye n'igihe ndabaza nti : mbega iyo bariko baragenda ko bagenda i Bulaya, bakagenda muri Amerika, bakagenda i Dubaï, ko mbona badahurumbira kuja mu Bushinwa kandi visa yo mu Bushinwa yoroshe ? Nca nsanga mu Bushinwa ntawurya adakoze. Bagenda rero aho barya badakora. Si ukwanka igihugu ni uguhunga ibikorwa !' - Prezida Evariste Ndayishimiye, 01.7.2026 ------------------- 1⃣Vy'ukuri uyu mukuru w'igihugu arazi amabi Abarundi bariko barabonera mu bihugu bitandukanye ? 2⃣Yoba azi abarundi bapfira Dubaï bakorotse ku ma étages ku ruzuba ruraho ? 3⃣Yoba azi amabi abarundikazi babonera Oman na Arabia Saoudite ? 4⃣Yoba azi ko Abarundi bariko bahurumbira kuja mu Burusiya bagapfira mu ntambara batazi ya Ukraine 5⃣Yoba azi amagorwa y'Abarundi bagiye gupagasa Zambia, Tanzania, Kanya, Mozambique, South Sudan, Afrika y'epfo ? 6⃣Uyu muprezida azohagarika gutuka Abarundi ryari ? 7⃣ Nta n'umwe ariho ashobora kumuhanura koko ? Canke abikora n'impaka kugira ashavuze abantu ? 8⃣Burya niyagira Imana agahunga, ko mbona ivyabatwara Uburundi atawumenya uko birangira, burya azohungira mu Bushinwa ?
6
15
27
9,896
Bararangisha umwana yitwa Gift. Twaronse ubutumwa bugira buti : "Mwaramutse. Tuba mu Maramvya aho bita mu Kigwati. Twashaka mudufashe kurondera umwana yazimiye. Umwana tumuzi kw'izina rya Gift, afise imyaka indwi. Yazimiye kuwagatatu mu gitondo, yagiye nk'uwugiye gukina n'abandi bana, none gushika n'ubu ntawe turongera kubona. Uwomutora yoduhamagara kuri 71536084. Murakoze."
1
5
6
4,716
Turahojeje umuryango wa Christophe Ngoga. Yari umurundi ariko asaba ubuhungiro mu Bubiligi, yaba muri centre d'accueil FEDASIL SAINT JOSEPH muri Liège. Christophe Ngoga yapfuye giturumbuka hirya y'ejo. Asize umubabaro mwinshi mubo bahora babana muri centre d'accueil, ni urupfu rubabaje cane ku muryango wiwe. Turahojeje umuryango w'umuhisi Christophe Ngoga be n'abo bahora babana. Imana ikomeze abo asize, ibahe inguvu zo kurengana bino bihe bitoroshe.
4
19
60
20,586
🔴 Nta murundi n'umwe akwiye kwita mugenzi we umwansi w'igihugu ! Mw'ijjambo Prezida Ndayishimiye yashikirije rijanye no guhimbaza imyaka 64 twikukiye, yagumye yerekana ingene abatabona ibintu nkawe ari abansi b'igihugu : indongozi za Ekleziya Katolika, abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru, abarongoye imigambwe UPRONA na FRODEBU, abo bose ngo ni abansi b'igihugu bagengwa n'ivyiyumviro vya PDC... Yaribagiye ko nawe yahoze yitwa umwansi w'igihugu (TTG). Mu myaka 64 Uburundi bwikukiye bwarongowe n'aba bagabo 11. Umwe wese muri bano yararonse umwanya wo kwitwa umwansi w'igihugu. Bamwe babaye abambere mu kuvyita abandi, biza kurangira nabo ariko bitwa. Abandi baravyiswe imyaka myinshi, none ubu nibo bavyita abandi ! 🔴 None ga yemwe, nimba aba bose ari abansi b'igihugu, ni nde azoba akunda Uburundi ? Harageze ko iyi mvugo mbi ihagarara . Umwami Mwambutsa ntiyakunda kuvuga amajambo. Abamuzi bose bamufata ko ariyo ndongozi Uburundi bwaronse itagira aho ihengamiye mu vy'amoko . Ariko yatwaye mu gihe kitoroshe. Muri gitugutu 1965, abasirikare barongowe na Capitaine Antoine Serukwavu barateye ikirimba c'Umwami Mwambutsa, Imana irakinga arashobora kunyegera..mu mwaka ukurikiye Umwami yatembagajwe n'umuhungu wiwe afatanije n'abasirikare. Mu nyuma, abasirikare bahavuye bafuta intwaro ya cami. Kuva ubwo Mwambutsa IV yabayeho mu buhungiro mu Buswisi kugeza yitabe Imana mu 1977. Intwaro yari mu Burundi yamwita umwansi w'igihugu, yamwagiriza ko arondera abacangero bo gutera Uburundi, kwitwa umuntu wa Mwambutsa cari icaha gikomeye. Nuko uwiswe Sebarundi mu myaka 50 ahinduka uwo bita umwansi w'Uburundi. Umwami Ntare V Charles Ndizeye nta kanya kanini yaronse ko gutwara. Ariko nawe amaze gutembazwa, abahoze bamwunamira nibo bamwise umwansi w'igihugu, mu nyuma baramunyuruza, bamuzana i Bujumbura, arabesherwa ivy'akamaramaza, haciye ukwezi yicwa urwagashinyaguro ku wa 29.4.1972. Prezida Michel Micombero ni Umukuru w'igihugu yakobeje mu kwita abandi Barundi abansi b'igihugu. Ku ntwaro yiwe niho hakoreshejwe amajambo akarishe nk'inyankaburundi n'abamenja. Uwakunda igihugu yari we, abatamwemera bari abansi b'igihugu. Atembagajwe mu 1976, nta majambo atakoreshejwe mu kumutuka. Arapfungwa, arahunga, hama asandabira mu buhungiro. Prezida Jean-Baptiste Bagaza nawe yaje akaze rwose. Yari afise amajambo akomeye yerekeye abansi b'igihugu, yabita ba mpemayuzuye, inyankaburundi. Intwaro yiwe yafata ko abayigwanya baba bariko bakorera aba impérialistes b'abazungu. Yavuga ko ataho umwansi yoca ngo atere igihugu : yavuga ko aciye mu kuzimu azomutuma ifuku, mu mazi azomutuma ingona, mu kirere azomutuma inkuba. Muri Nyakanga yarayembagajwe, igihugu cuzura imyiyerekano yo kumutuka ngo ni umusazi, nawe ahinduka umwansi w'igihugu inzego z'iperereza zari zicunze ko yohirahira agataha. Prezida Buyoya yari afise imirwi myinshi yita abansi b'ubumwe n'amahoro vy'Abarundi, bakaba ari nabo bansi b'igihugu. Muri abo hari Prezida Bagaza n'abamushigikiye, hari abanywanyi ba Palipehutu, mu nyuma haza aba FRODEBU, imbere y'uko haza aba CNDD-FDD bo bari bafise izina rutura "tribalo-terroristes-génocidaires" (TTG). Prezida Buyoya nawe yarangije ubuzima yitwa umwansi w'igihugu, mu mwanya wambere bamwima no guhambwa mu gihugu ciwe. Imyayamamazo yo mu 1993 yabayemwo ibitutsi vyinshi, impande zose zarambikana ibara. Prezida Melchior Ndadaye we yavuga abansi ba demokarasi, ba mpemuke-ndamuke... Ntitaramvye ku butegetsi, urwanko rw'ico gihe twatumye aga'dagurwa. Prezida Ntaryamira, Prezida Ntibantunganya na Prezida Ndayizeye ntibashimitse cane ivyo kwita abandi abansi b'igihugu. Ariko bo nyene bari baravyiswe imbere yo kuja ku butegetsi. Barerekana imirwi bavuga ko ibangamiye umutekano w'igihugu, ariko bo babaye abaprezida baganira cane n'abo batavuga rumwe. Inyuma y'ubutegetsi Prezida Ntibantunganya yaratukwa, Prezida Ndayizeye we yaranapfunzwe nk'umwansi w'igihugu. Prezida Nkurunziza ari mu bari baratutswe bikomeye nk'aba TTG, nawe aje ku butegetsi yaje ari gahebuza mu gutuka abo batavuga rumwe. Yama ariko arahiga ko umuriro uzotangurira iwabo ugaherera iwabo, ko bazohera nk'ifu y'imijira, ko urwembe ruzobamwa n'ibindi vyinshi. Prezida Ndayishimiye nawe nyene ari mu bahoze batukwa bikomeye ko ari umwansi w'igihugu, abiswe aba TTG. Uyu musi nawe yambaye urwaga mu gutuka abo batavuga rumwe ko ari abansi b'igihugu, akajambo gashasha yaraye yadukanye nako kwita uwo wese yerekana ibitameze neza ko ari umu PDC akorera abakoroni. 🔴 Iyi disque irashaje. Harageze ko iyi mvugo ihagarara kuko nta n'ico igifise ivuga. None bose bamaze kwitwa abansi b'igihugu, haca hasigara nde agikunda ? Nimba Mwambutsa yari umwansi w'igihugu, Charrles Ndizeye akaba umwansi w'igihugu,nimba Micombero yari umwansi w'igihugu, Bagaza akaba uko, Buyoya akaba gutyo nyene, nimba Ndadaye yariswe umwansi w'igihugu, Ntaryamira bikaba uko, Ntibantunganya uko nyene, Ndayizeye uko nyene, nimba Nkurunziza yahoze ari umwansi w'Ubumwe, nimba Ndayishimiye yahoze agwanya Uburundi, none uwukunda Uburundi ni nde ? Ni nde abereye guca urubanza rw'abo basangiye igihugu ngo abiyemereko ko we akunda Uburundi kurusha abandi ?
2
9
16
5,480
Ku bw'umwigisha wa Kaminuza akaba n'umuhinga mu vy'indero Libérat Ntibashirakandi, igisata c'indero mu ndinganizo yaco y'ishure shingiro mu #Burundi ni "poto poto", akajagari muri make. Ivyo yabishikirije mu kiganiro FOCODE yatunganije ku wa 21 Ruheshi 2026. #Zirikana
1
10
15
7,483
Intwazangabo zine zaraye zidugijwe mw'ipete rya Général-Major. Nkuko vyama bigenda ku wa mbere mukakaro, mu gisirikare c'Uburundi haratangwa amapete. Mu rwego rwa ba jenerali, uyu mwaka intwazangabo zine nizo zonyene zidugijwe. Bavuye kw'ipete rya Général de brigade baduzwa kuri Général-Major. Abo nabo ni : 1. Général-Major Élie Ndizigiye batazira Muzinga asanzwe ari icegera c'umukuru w'abasoda bagwanira ku butaka (Force terrestre). 2. Général-Major Venant Bibonimana batazira Gatovyi arongoye abasirikare bagwanira mu mazi (Force marine). 3. Général-Major Hermalas Ndabashinze atwara abasirikare bagwanira mu kirere (Force aérienne). 4. Général-Major Grégoire Ndorarigonya, umugenduzi mukuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi. Babiri bambere bahoze bagwanira mu kiroberi ca CNDD-FDD, babiri bandi bahoze mu gisirikare ca kera (ex-FAB). Mu nkuru zo hanyuma tuzogaruka ku vyaranze bamwe muri bo.
3
25
14,111
Umunezero mwinshi cane mu muryango wa Dastani Sindabakwira. Inyuma y'imyaka ibiri munyororo w'akarenganyo, uyu mutama yararekuwe hirya y'ejo haheze (30.6.2026). Hari haciye ukwezi n'igice dushize ahabona ikibazo ciwe. Dosiye yiwe yasa n'iyubitswe, vyasa nuko ata nzira yo kuvayo iriho. Abiwe barashimira abagize uruhara ngo uwabo arekurwe.
🔴 #Barekure : Ni nde azorenganura Mutama Dastani Sindabakwira ? Hari umutama w'i Nyanza-Lac amaze imyaka ibiri mu munyororo ku karenganyo katagira izina. Dastani Sindabakwira na barumunawe babiri, Gomero Jean-Marie na Nizigama Acher bamaze imyaka bari mu matati y'itongo n'uwitwa Jérémie Sindayirwanya. Mu buryo butumvikana, aba procureurs baza barakuranwa i Makamba bama bashaka guhindura urubanza rw'amatati (affaire civile) bakarugira urubanza rw'ivyaha (affaire pénale). Incuro nyinshi, Dastani Sindabakwira yarashizwe ku ntonde z'abarekurwa mw'ibohero rikuru rya Rumonge, ariko igihe cose hageze ko asohoka idosiye yiwe ica inyika. Abiwe bavuga ko Jérémie Sindayirwanya yarahiye ko Dastani Sindabakwira atazomusohokana ibohero kandi ko yama ariko aravyigamba, kubera ibiturire yoba atanga muri parquet i Makamba. Ni nde azotabara uyu mutama na benewabo. Umushikiranganji w'ubutungane Alfred Ahingejeje na PGR Rose Nkorerimana boba bazi iyi dosiye ? Vyokunda ko batunganiriza #Inzirakarengane itagira aho ivugira ? 🔴 Amanyanga mw'ipfungwa rya Dastani Sindabakwira Dastani Sindabakwira be na barumunawe Gomero Jean-Marie na Nizigama Acher bahagaritswe na Procureur Claver Sabushimike yatwara parquet ya Makamba muri ntwarante 2024. Ico gihe bari mu matati y'itongo n'uwitwa Jérémie Sindayirwanya. Kugira dosiye ihindurwe iy'ivyaha, bano bavukanyi bagirijwe ko baranduye imyumbati ya Jérémie Sindayirwanya. Ariko abajejwe intwaro barararungitse urwandiko rubeshuza ivyo vyo kurandura imyumbati. Kuva bafatwa bakajanwa mu gasho i Makamba, Dastani Sindabakwira na barumunawe ntibigeze bumvirizwa canke ngo bajanwe imbere y'umucamanza. Ndamukiza 2024 : haravugwa abategetsi baciye kuraba abapfunzwe i Makamba zirabona akarenganyo kari muri iyi dosiye, maze Dastani n'abavukanyi baca bararekurwa. Rusama 2024 : Dastani Sindabakwira yasubiriye guhagarikwa kw'itegeko rya Procureur Claver Sabushimike. Dastani yahavuye amanukanwa mw'ibohero rikuru rya Rumonge, amara amezi n'amezi atigeze ajanwa imbere y'umucamanza. Gitugutu 2024 : abavukanyi ba Dastani Sindabakwira barasubiriye guhagarikwa na Procureur Claver Sabushimike abahoye ko bariko babandanya gukurikirana dosiye ya Dastani Sindabakwira. Munyonyo 2024 : abavukanyi ba Dastani Sindabakwira bamenyeshejwe ko basabiwe gupfungwa imyaka 2 no kuriha indishi y'akababaro y'imiliyoni 10. Bavuga ko baciriwe batigeze baburana. 11.11.2024 : inyuma y'ibigozwa rya procureur Claver Sabushimike, procureur mushasha yafashe ingingo yo kurekura abavukanyi ba Dastani Sindabakwira kuko dosiye yabo yari yuzuye amanyanga. 15.11.2024 : umurwi uvuye mu bushikiranganji bw'ubutungane warakoze urutonde rw'abanyororo 78 bategerezwa kurekurwa mw'ibohero rya Rumonge kubera bariko bararenganywa. TGI Makamba yategetswe kwiga dosiye yiwe kugira ace arekurwa. Abandi banyororo bararekuwe bose kiretse Dastani Sindabakwira, imvo ngo nuko habuzwe dosiye yiwe. Munyonyo 2025 : Dastani Sindabakwira yarasubiriye arashirwa ku rutonde rw'abategerezwa kurekurwa mw'ibohero rikuru rya Rumonge. Ariko co kimwe n'ubwambere, dosiye yiwe yarabuzwe, bica bituma aguma apfunzwe. Ndamukiza 2026 : Procureur Général wa Makamba yasubiriye gufata ingingo yo gupfunga abavukanyi ba Dastani Sindabakwira. Ubu baramaze indwi zibiri mu gasho i Makamba. Ntibarigera basambishwa ngo bamenye ikibapfunze. 🔴 Aka karenganyo kazohezwa na nde ? Mushikiranganji Alfred Ahingejeje woshobora gutabara Dastani Sindabakwira na barumunawe ? Mushikirizamanza Kizigenza wa Republika, Rose Nkorerimana, ufise ububasha bwose ku ba procureurs bose mu Burundi, woshobora gukurikirana ikibazo ca Mutama Dastani Sindabakwira na barumunawe ukabarenganura ? @GeneralNeva , @KwaNtare , @NtareHouse , @BurundiGov , @MiniJustice_BDI , @CNIDH_Bdi , @willynyamitwe , @nshingamateka , @Burundi_senat
3
8
4,327
#SoutenonsLesRéfugiésBurundais : la CB-CPI met en garde contre des retours vers un pays où l’impunité persiste #FocodeMagazine | 02 juillet 2026 Refoulements accompagnés de violences en Tanzanie, expulsions de demandeurs d’asile depuis la Suisse : Lambert Nigarura, président de la Coalition burundaise pour la Cour pénale internationale (CB-CPI), appelle les États à ne pas confondre durcissement migratoire et effacement des risques de persécution. Dans son intervention à l’occasion de la Journée mondiale des réfugiés, Lambert Nigarura exprime les « vives préoccupations » de la CB-CPI face au sort réservé à certains réfugiés et demandeurs d’asile burundais. Son regard se tourne d’abord vers la Tanzanie, d’où des réfugiés seraient refoulés dans des conditions parfois marquées par des violences. Il interpelle également la Suisse, où des procédures d’éloignement visant des demandeurs d’asile burundais ont suscité de fortes inquiétudes. Pour le président de la CB-CPI, ces décisions interviennent alors que les causes profondes de la crise politique et sécuritaire de 2015 restent irrésolues. Les violations des droits humains persistent, souligne-t-il, tandis que l’impunité demeure largement répandue. Plusieurs rapports continuent de documenter des atteintes aux libertés fondamentales, des arrestations arbitraires, des disparitions forcées, des violences et des intimidations visant des opposants réels ou supposés. Dans ce contexte, les craintes qui ont poussé des milliers de Burundais à l’exil restent fondées pour de nombreuses personnes, poursuit Lambert Nigarura. La CB-CPI rappelle que le principe de non-refoulement, consacré par la Convention de Genève de 1951 et d’autres instruments internationaux, interdit de renvoyer une personne vers un pays où elle risque la persécution, la torture ou de graves violations de ses droits fondamentaux. Lambert Nigarura appelle les autorités tanzaniennes et suisses à soumettre chaque dossier à un examen individuel, impartial et rigoureux. Tout retour au Burundi doit, insiste-t-il, être volontaire, exempt de toute contrainte et fondé sur un consentement libre et éclairé. Son message dépasse toutefois ces deux pays. Il s’adresse à l’ensemble de la communauté internationale. Tant que les conditions d’un retour sûr, digne et durable ne sont pas réunies, conclut son plaidoyer, la protection internationale ne peut être retirée à celles et ceux qui ont fui les persécutions et les violences. 🔴#WorldRefugeeDay, #SoutenonsLesRéfugiésBurundais — Amplifions leur voix pour exiger leur protection : aimez, commentez et partagez cette vidéo en utilisant ces deux hashtags. #FocodeMagazine | La Rédaction @SEMIGRATION @EDA_DFAE @SwissMFA @SwissPeaceHR @SwissAmbUN_GVA @UNHCR_CH @BelgiumMFA @CGVS_CGRA @FedasilBelgium @UNHCRBelgique @EU_Commission @EUHomeAffairs @EUAsylumAgency @eu_eeas @EP_HumanRights @EP_ForeignAff @Refugees @Le_HCR @UNHumanRights @UN_SPExperts @UNGeneva @UNmigration @UNHCRTanzania @RefugeesAfrica @UnitedNationsTZ @mfa_tanzania @tanzaniagov @Barbaradotse @mamadou_dbalde @Burundi_mffps @FIACAT_org @omctorg @NEDemocracy @CbdhVicar @RS_Burundi @fidh_en @amnestyvl @AmnestyEARO @DefendDefenders @bikjo @pnininahazwe @Ndayishemeza_ @SOSTORTUREBDI @Jzaninyana @collisidore @acat_ch @qadyrqasyet, @ENS_CB_CPI , @LNigarura
11
17
2,530
#SoutenonsLesRéfugiésBurundais : l’ESDDH met les décideurs face au risque de renvoyer des exilés vers le danger #FocodeMagazine | 02 juillet 2026 Abris détruits dans les camps tanzaniens, retours sous pression, expulsions contestées en Europe : Germain Rukuki, président de l’Association Ensemble pour le soutien des défenseurs des droits humains en danger (ESDDH), appelle les États à regarder au-delà des dossiers administratifs. Derrière chaque décision d’éloignement, prévient-il, une vie peut basculer. Dans son intervention, Germain Rukuki associe l’ESDDH à la campagne de solidarité avec les réfugiés burundais portée par le FOCODE et le Mouvement des filles et des femmes pour la paix et la sécurité. Son message s’adresse d’abord à celles et ceux qui vivent déjà l’exil, mais aussi aux réfugiés et demandeurs d’asile menacés d’expulsion. À leur endroit, il exprime « empathie et solidarité ». Le président de l’ESDDH rappelle que l’article 14 de la Déclaration universelle des droits de l’homme reconnaît à toute personne persécutée le droit de chercher asile et d’en bénéficier. Le droit international interdit également de renvoyer une personne vers un territoire où elle risque la torture ou des traitements inhumains. Depuis le début de 2026, affirme-t-il, son organisation a été alertée sur plusieurs cas de réfugiés revenus volontairement au Burundi avant d’être victimes d’enlèvements ou d’arrestations arbitraires. Dans les camps de Tanzanie, Germain Rukuki évoque des abris démolis, des champs saccagés et des pressions exercées pour forcer des retours. Il affirme que certains traitements sont liés à l’origine ethnique ou à l’appartenance politique. Son regard se tourne aussi vers l’Europe. En Suisse, des expulsions contestées et un cas de suicide ont été rapportés. Il rappelle également des déclarations de responsables burundais qu’il juge menaçantes envers les demandeurs d’asile refoulés. Pour l’ESDDH, le durcissement migratoire ne peut effacer la persistance des violations des droits humains au Burundi. « L’autorité ne doit pas attendre de vivre elle-même la douloureuse expérience de l’exil pour prendre une décision empathique et décente », insiste-t-il. Aux décideurs, son avertissement tient en peu de mots : leurs choix sont observés, documentés et jugés à l’aune du droit. « Soyons humains et traitons autrui comme le reflet de notre propre miroir », conclut-il. 🔴#WorldRefugeeDay, #SoutenonsLesRéfugiésBurundais — Amplifions leur voix pour exiger leur protection : aimez, commentez et partagez cette vidéo en utilisant ces deux hashtags. #FocodeMagazine | La Rédaction @SEMIGRATION @EDA_DFAE @SwissMFA @SwissPeaceHR @SwissAmbUN_GVA @UNHCR_CH @BelgiumMFA @CGVS_CGRA @FedasilBelgium @UNHCRBelgique @EU_Commission @EUHomeAffairs @EUAsylumAgency @eu_eeas @EP_HumanRights @EP_ForeignAff @Refugees @Le_HCR @UNHumanRights @UN_SPExperts @UNGeneva @UNmigration @UNHCRTanzania @RefugeesAfrica @UnitedNationsTZ @mfa_tanzania @tanzaniagov @Barbaradotse @mamadou_dbalde @Burundi_mffps @FIACAT_org @omctorg @NEDemocracy @CbdhVicar @RS_Burundi @fidh_en @amnestyvl @AmnestyEARO @DefendDefenders @bikjo @pnininahazwe @Ndayishemeza_ @SOSTORTUREBDI @Jzaninyana @collisidore @CavibBurundi @acat_ch @qadyrqasyet @esddh @RukukiG
5
9
610
#KahiseKacu Tumwe mu tubazo abakiri bato babaza cane ku musi duhimbaza ukwikukira. 🔴 Rwagasore yoba ariwe yatanguye gutwara Uburundi bwikukiye ? Umuganwa Ludoviko Rwagasore ntiyigeze atwara Uburundi. Uburundi bwikukiye, Rwagasore amaze amezi 8 yarishwe. We ntabwo yigeze abona indépendance y'Uburundi. Ku wa 18.9.1961, umugambwe wiwe UPRONA waratsinze amatora y'abashingamateka, uronka intebe 58 kuri 64 (ni ukuvuga urugero rwa 80%). UPRONA wari umugambwe usaba ukwikukira kwa vuba bwango (indépendance immédiate) mu gihe urunani bahiganywe rwitwa Front Commun rwo rwasaba ko habaho Leta y'Abarundi mugabo kwikukira bikazoza inyuma. Inama Nshingamateka niyo yahisemwo ko Rwagasore aca aba Premier Ministre (umushikirangoma wa mbere), nawe arashinga Leta yiwe ku wa 25.9.1961. Ariko aho hose Uburundi ntibwari bwikukire. Leta ya Rwagasore niyo yari kuvugana n'ababiligi be na ONU ingene Uburundi bwari kuca bwikukira. Rwagasore yagandaguwe ata n'ukwezi guheze atsinze amatora. Yapfuye Uburundi bukuri mu minwe y'umubiligi, Résident Général Jean-Paul Harroy. 🔴 Ni nde yavuze ijambo umusi Uburundi bwikukira ? Ijambo ry'uwo musi ryavuzwe n'umuganwa André Muhirwa yari Premier Ministre. Inyuma y'urupfu rwa Rwagasore, André Muhirwa niwe yatowe n'Inama Nshingamateka ngo amusubirire. Leta ya Muhirwa niyo yaciye iganira n'ababiligi be na ONU ingene Uburundi bwikukira. Muri nzero 1962, Résident Général Jean-Paul Harroy yarasubiye iwabo mu Bubiligi. Hanyuma ku wa 01.7.1962, isaha zitandatu z'ijoro (minuit) Uburundi burikukira, Ibendera ry'Ububiligi riramanurwa, iry'Uburundi riraduga. Premier Ministre André Muhirwa niwe rero yashikirije ijambo ryo kwikukira. André Muhirwa yarabandanije kuba Premier Ministre gushika muri ruheshi 1963. 🔴 Aho twikukira ni nde yaciye aba Prezida w'Uburundi ? Aho twikukira mu 1962, Uburundi ntibwari bwabe republika, bwari burongowe n'Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge. Mwambutsa yagumye atwara Uburundi gushika ku wa 08.7.1966 aho yakombowe n'umuhungu wiwe, Umuganwa Samuragwa Charles Ndizeye, yabaye Umwami kw'izina rya Ntare V. Twatanguye kuronka Prezida kw'igenekerezo rya 28.11.1966 aho Capitaine Michel Micombero yatembagaza Umwami Ntare V Charles Ndizeye. 🔴 Rwagasore yoba ariwe yarondeye indépendence y'Urwanda ? Oya sivyo. Umugambwe UPRONA wari umugambwe wo mu Burundi gusa. Ntiwigeze uba umugambwe wo mu Rwanda. Mu Rwanda bari bafise iyindi migambwe yabo. Mu Rwanda, Umwami Mutara Rudahigwa niwe yariko aharanira ukwikukira kw'igihugu ciwe, aca agandagurirwa mu Burundi, ku wa 25.7.1959. Umugambwe wari ufise ivyiyumviro nk'ivya Mutara Rudahigwa witwa UNAR wari urongowe na François Rukeba. Uyu mugambwe wararwanijwe rwose, ababiligi babishiramwo indyane z'amoko zikomeye kugeza aho haba ubwicanyi bufatiye ku moko mu 1959, intwaro ya cami ica irafutwa mu 1961. Ivyo vyose vyabaye Urwanda rutarikukira. Igihe Urwanda rwikukira rwatwarwa na Grégoire Kayibanda wo mu mugambwe PARMEHUTU wari ushigikiwe n'abakoloni. Aha twokwongerako ko Ububiligi na ONU bari bipfuza ko Uburundi n'Urwanda vyikukira bifatanye nk'igihugu kimwe. Abarundi n'Abanyarwanda bose baravyiyamirije. Leta ya André Muhirwa yarimiriye kure rwose ico ciyumviro. ONU (ivuganye n'abaserukira Uburundi, Urwanda n'Ububiligi) niyo yashinze itariki yo kwikukira mu Burundi no mu Rwanda : 01.7.1962. 🔴 Mbega hakiriho Ababiligi, Umwami Mwambutsa yatwara iki ? Mu gihe c'intwaro y'ababiligi, Umwami w'Uburundi nta nguvu yari afise. Yarashobora gukora ivyo ababiligi bamurekuriye gusa. Hariho igice kinini kijanye n'imico n'imigenzo y'abarundi Umwami yashobora gukorako. Ariko muri rusangi, Umwami n'abaganwa bakora ivyo ababiligi babemereye gukora. Tumaze kwikukira niho Umwami Mwambutsa yasubiriye kugira ububasha bwose ku gihugu ciwe. Icari carahindutse, dufatiye ku bami ba kera, nuko twikukiye Igihugu caciye kigendera kw'ibwirizwa shingiro. 🔴 Kubera iki ku musi wo kwikukira havugwa ijambo rya Rwagasore kandi kwikukira vyabaye yarapfuye ? Iki kibazo kirahambaye. Ku ruhande rumwe bavuza ijambo rya Rwagasore kugira bibutse uruhara rudasanzwe yagize mu guharanira ukwikukira kandi akaba yishwe azira urwo rugamba. Ni ijambo ry'incungu y'Uburundi. Ku rundi ruhande, ijambo rya André Muhirwa ntirivuzwa kubera abategetsi b'inyuma batari bipfuza guha agaciro André Muhirwa kandi yari yarakuwe mu mabanga. Mu bisanzwe, abaharaniye ukwikukira nta gaciro bahawe n'intwaro zakwikirikiye, benshi bishwe nabi cane mu nyuma, abandi baribagiwe bapfa nk'abantu batazwi. 🔴 Rwagasore yoba yarasize abana ? Umukenyezi wiwe ari hehe ? Ludoviko Rwagasore yubakanye na Marie-Rose Ntamikevyo ku wa 12.9.1959. Imfura yabo, Marie-Thérèse Rwagasore, yavutse ku wa 03.6.1960, aca yitaba Imana ku wa 15.11.1961, ukwezi kumwe inyuma ya se. Umwana wa kabiri, Marie-Pia Rwagasore, yavutse kw'igenekerezo rya 28.11.1961 (ukwezi n'igice inyuma y'urupfu rwa se), aca yitaba Imana ku wa 23.02.1962. Icabishe kivugwako vyinshi. Mu muryango hari abavuga ko abana bari bafise ingwara, hari abandi bakwije urukurukuru ko boba bishwe biciye mu ncanco batewe zitari zo. Ariko nta matohoza yabikozweko. Abo bana ba Rwagasore bahambwe iruhande ya se hariya ku musozi wa Vugizo i Bujumbura. Umukenyezi wa Rwagasore, Marie-Rose Ntamikevyo, ntiyorohewe inyuma y'impfu z'abiwe. Hari uwundi mwana yibarutse mu myaka ya za 70, ariko inyuma gato Marie-Rose Ntamikevyo nawe yaciye asandaba ku wa 09.11.1973, ahitanywe n'ingwara. Urupfu rwiwe narwo nyene rwaravuzweko vyinshi, naho ata matohoza yabaye. Mu butungane, hari abandi bana babiri bavuzwe ko ari aba Ludoviko Rwagasore. Hari umukenyezi yitwa Marie-Claire Burikukiye yavutse ku wa 04.7.1962 kuri Mathilde Mukantabana. Ni ukuvuga ko Rwagasore atigeze abona uyu mwana yavutse ku mukenyezi batari bubakanye. Hari umuhungu yitwa Jean-Pierre Ndeze yoba yavutse ku munyarwandakazi. Uyu avugwa ko yishwe mw'ihonyabwoko ryakorewe abatutsi bo mu Rwanda mu 1994. Jean-Pierre Ndeze avugwa ko yasize umwana aba muri Leta zunze ubumwe z'Amerika,. Aya mazina y'aba bana babiri yaragiye arafatwako ingingo mu butungane, mu bihe hariho abariko barapfa ibisigi vya Rwagasore. Ku ruhande rwacu nta kinini tuyaziko. Marie-Claire Burikukiye yarabaye umushingamateka w'Uburundi mu Nama Nshingamateka y'umuryango wa EAC (2017-2022), aho yarungitswe n'umugambwe UPRONA (ishami rya Concilia Nibigira). Muri UPRONA baremeye Marie-Claire Burikukiye nk'umwana wa Rwagasore, bagirako baramushikiriza ibisigi vya se. Mushiki wa Rwagasore, Umuganwakazi Rosa-Paula Iribagiza avuga ko atemera abo bandi bana. 🔴 André Muhirwa yahavuye akora iki mu nyuma ? Abandi baharaniye intahe yo kwikukira vyabagendeye gute mu nyuma ? Premier Ministre André Muhirwa yakuwe mu mabanga n'Inama Nshingamateka muri ruheshi 1963. Yasubiriwe na Petero Ngendandumwe. Mu nyuma André Muhirwa yarabaye Ministre d'Etat muri Leta ya Albin Nyamoya mu 1964, no muri Leta ya Léopold Biha muri ntwarante 1966, yaranabaye umukenguzamateka mu 1965. Inyuma y'itembagazwa ry'intwaro ya cami, André Muhirwa yarapfunzwe gushika mu 1967. Mu nyuma yarakoze ku kivuko ca Bujumbura. Yaraserukiye Uburundi muri Tanzania kuva mu 1975 gushika mu 1976. Mu nyuma ntiyasubiriye kuvugwa cane muri politique. Muri 2001 ari mu bashinze umugambwe PMP (parti monarchiste parlementaire). Yitavye Imana muri 2003, ku myaka 83. Inyuma y'ukwikukira, abaguharaniye baracanyemwo cane. Harabuze indongozi nka Rwagasore imenya guhuza Abarundi. Abo yasize basigaye bararyana, hazamwo no kwicana. Icegera ca Rwagasore muri Leta, Pierre Ngendandumwe, yaragandaguwe muri nzero 1965. Hari abandi bishwe muri gitugutu na kigarama 1965. Hari abishwe mu 1972. Hari abagiye barapfungwa. Hari benshi bapfuye batacibukwa nuko hari ico bamariye Igihugu. Umuvyeyi wa Rwagasore, Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge, ari nawe yatanguye gutwara Uburundi bucikukira, yapfanye agahinda kenshi mu Buswisi mu 1977. Ntaco Igihugu cigeze gikora kijanye no kumuha iteka ry'uwatwaye Uburundi ubwambere kuva bwikukiye.
11
21
3,662
#Burundi — Père président, fils intendant : que devient la deuxième institution du pays ? #FocodeMagazine | 01 juillet 2026 Encore élève et présenté comme mineur, un fils de Daniel Gélase Ndabirabe aurait été recruté, dans des conditions entourées d’opacité, comme intendant de son père, président de la Chambre basse. Dans une enquête publiée le 30 juin 2026 sur ses plateformes numériques, King Umurundi Freedom met en cause ce recrutement et dénonce le doublement présumé du budget de l’intendance, passé de 180 à 360 millions de francs burundais par an. « L’Assemblée nationale serait-elle devenue une propriété familiale ? » La question claque dès l’ouverture. Elle donne le ton de l’enquête publiée, ce 30 juin 2026, par l’organisation King Umurundi Freedom sur le fonctionnement de l’Assemblée nationale et la gestion de son président, Daniel Gélase Ndabirabe. Au cœur des révélations : l’un de ses fils, présenté comme mineur et encore scolarisé, aurait été recruté comme cadre de l’institution avant d’être chargé de l’intendance de son propre père. Il ne s’agirait donc pas de l’intendance générale de l’Assemblée nationale, mais bien de celle directement rattachée au président dans l’exercice de ses fonctions. « Comment expliquer que le fils du président de l’Assemblée nationale soit chargé de son intendance ? Pourquoi le budget prévu à cet effet aurait-il été augmenté avant de lui être confié ? », interroge King Umurundi Freedom. Selon l’organisation, le jeune homme poursuit encore ses études secondaires à Bujumbura, en deuxième année de l’enseignement post-fondamental, dans la section économique. 🔴Un poste discret, mais stratégique L’intendance peut sembler, à première vue, relever de simples tâches logistiques. Elle occupe pourtant, selon King Umurundi Freedom, une place sensible dans la gestion quotidienne des moyens affectés au président de l’Assemblée nationale. L’intendant préparerait les dépenses liées aux besoins de l’autorité qu’il assiste. Les dossiers seraient ensuite transmis au secrétaire général, puis au directeur administratif et financier, avant tout décaissement. La fonction suppose également une proximité constante avec le président, qu’il s’agisse de ses activités quotidiennes ou de ses déplacements. Autrement dit, il ne s’agit pas d’un poste honorifique. Il se situe au croisement de la confiance personnelle, de l’administration et de la gestion des fonds publics. C’est précisément ce qui alimente les interrogations de King Umurundi Freedom : comment une telle responsabilité pourrait-elle être exercée par un jeune encore présent sur les bancs de l’école ? 🔴Un budget doublé L’enquête prend une tournure plus sensible lorsqu’elle aborde les montants affectés à l’intendance de Daniel Gélase Ndabirabe. Selon l’organisation, cette fonction disposait auparavant d’un budget annuel de 180 millions de francs burundais, soit une moyenne de 500 000 FBu par jour. Ce budget aurait ensuite été porté à 360 millions de FBu par an, l’équivalent d’un million de francs burundais par jour. 🔴Du simple au double. King Umurundi Freedom affirme qu’après cette augmentation, l’ancien intendant aurait été écarté et remplacé par le fils mineur du président. « M. Ndabirabe aurait augmenté le budget affecté à son intendance avant d’en confier la gestion à son propre fils », accuse l’organisation. D’après ses sources au sein de l’Assemblée nationale, cette décision aurait été prise afin de faciliter les décaissements et de permettre l’utilisation de l’ensemble des fonds avant la fin du mandat. L’association rappelle toutefois qu’une enveloppe budgétaire n’est pas nécessairement destinée à être dépensée chaque jour ni à être entièrement consommée. 🔴Un recrutement sans trace officielle ? Autre point soulevé par l’enquête : aucun acte officiel désignant le jeune homme à cette fonction ne serait publiquement disponible. King Umurundi Freedom affirme ne pas avoir trouvé de lettre de nomination permettant d’établir son statut administratif. La publication soulève ainsi plusieurs questions : a-t-il été officiellement recruté comme cadre de l’État ? Sous quel statut exercerait-il ? Qui aurait validé son affectation auprès de son père ? Et selon quelle procédure ? Pour l’organisation, cette absence alléguée de document officiel renforce le soupçon d’un recrutement effectué en marge des règles régissant l’Assemblée nationale. 🔴Malaise dans les couloirs, silence dans l’hémicycle King Umurundi Freedom affirme que la situation aurait provoqué colère et incompréhension parmi certains députés. Des élus seraient mécontents, mais hésiteraient à porter publiquement la question. L’organisation explique cette retenue par le poids du CNDD-FDD au sein de l’hémicycle et par une discipline politique laissant peu de place à la contestation interne. « Où sont les députés censés représenter la population ? », lance-t-elle. La formule vise directement la capacité de l’Assemblée nationale à contrôler sa propre administration et l’utilisation des moyens affectés à sa présidence. Dans les couloirs, le malaise serait palpable. Dans l’hémicycle, le silence dominerait. 🔴Une « affaire de famille » ? King Umurundi Freedom condamne des pratiques qu’elle juge incompatibles avec la bonne gouvernance et les règles encadrant le fonctionnement de l’Assemblée nationale. L’organisation présente cette enquête comme le premier volet d’une série consacrée à la vie interne de la Chambre basse, à sa structure administrative et à certaines nominations. Elle promet de publier d’autres éléments qui montreraient, selon elle, que Daniel Gélase Ndabirabe aurait progressivement transformé la gestion de sa présidence en une « affaire de famille ». Les accusations sont lourdes. Elles touchent au recrutement dans une institution publique, à la gestion des deniers de l’État, aux conflits d’intérêts et à la transparence administrative. Elles appellent des réponses précises de la part du président de l’Assemblée nationale et des services compétents. Car au-delà du lien familial, une question demeure : l’institution chargée de voter les lois et de demander des comptes aux autres peut-elle se permettre de laisser planer le doute sur la gestion des moyens affectés à son propre président ? À l’Assemblée nationale, désormais, de répondre. #FocodeMagazine | La Rédaction @GeneralNeva , @NtareHouse , @KwaNtare , @BurundiGov , @FinancesBdi , @nshingamateka , @Burundi_senat, @KUF_ASBL
11
21
6,327