🔴 Nta murundi n'umwe akwiye kwita mugenzi we umwansi w'igihugu !
Mw'ijjambo Prezida Ndayishimiye yashikirije rijanye no guhimbaza imyaka 64 twikukiye, yagumye yerekana ingene abatabona ibintu nkawe ari abansi b'igihugu : indongozi za Ekleziya Katolika, abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru, abarongoye imigambwe UPRONA na FRODEBU, abo bose ngo ni abansi b'igihugu bagengwa n'ivyiyumviro vya PDC... Yaribagiye ko nawe yahoze yitwa umwansi w'igihugu (TTG).
Mu myaka 64 Uburundi bwikukiye bwarongowe n'aba bagabo 11. Umwe wese muri bano yararonse umwanya wo kwitwa umwansi w'igihugu. Bamwe babaye abambere mu kuvyita abandi, biza kurangira nabo ariko bitwa. Abandi baravyiswe imyaka myinshi, none ubu nibo bavyita abandi !
🔴 None ga yemwe, nimba aba bose ari abansi b'igihugu, ni nde azoba akunda Uburundi ? Harageze ko iyi mvugo mbi ihagarara .
Umwami Mwambutsa ntiyakunda kuvuga amajambo. Abamuzi bose bamufata ko ariyo ndongozi Uburundi bwaronse itagira aho ihengamiye mu vy'amoko . Ariko yatwaye mu gihe kitoroshe. Muri gitugutu 1965, abasirikare barongowe na Capitaine Antoine Serukwavu barateye ikirimba c'Umwami Mwambutsa, Imana irakinga arashobora kunyegera..mu mwaka ukurikiye Umwami yatembagajwe n'umuhungu wiwe afatanije n'abasirikare. Mu nyuma, abasirikare bahavuye bafuta intwaro ya cami. Kuva ubwo Mwambutsa IV yabayeho mu buhungiro mu Buswisi kugeza yitabe Imana mu 1977. Intwaro yari mu Burundi yamwita umwansi w'igihugu, yamwagiriza ko arondera abacangero bo gutera Uburundi, kwitwa umuntu wa Mwambutsa cari icaha gikomeye. Nuko uwiswe Sebarundi mu myaka 50 ahinduka uwo bita umwansi w'Uburundi.
Umwami Ntare V Charles Ndizeye nta kanya kanini yaronse ko gutwara. Ariko nawe amaze gutembazwa, abahoze bamwunamira nibo bamwise umwansi w'igihugu, mu nyuma baramunyuruza, bamuzana i Bujumbura, arabesherwa ivy'akamaramaza, haciye ukwezi yicwa urwagashinyaguro ku wa 29.4.1972.
Prezida Michel Micombero ni Umukuru w'igihugu yakobeje mu kwita abandi Barundi abansi b'igihugu. Ku ntwaro yiwe niho hakoreshejwe amajambo akarishe nk'inyankaburundi n'abamenja. Uwakunda igihugu yari we, abatamwemera bari abansi b'igihugu. Atembagajwe mu 1976, nta majambo atakoreshejwe mu kumutuka. Arapfungwa, arahunga, hama asandabira mu buhungiro.
Prezida Jean-Baptiste Bagaza nawe yaje akaze rwose. Yari afise amajambo akomeye yerekeye abansi b'igihugu, yabita ba mpemayuzuye, inyankaburundi. Intwaro yiwe yafata ko abayigwanya baba bariko bakorera aba impérialistes b'abazungu. Yavuga ko ataho umwansi yoca ngo atere igihugu : yavuga ko aciye mu kuzimu azomutuma ifuku, mu mazi azomutuma ingona, mu kirere azomutuma inkuba. Muri Nyakanga yarayembagajwe, igihugu cuzura imyiyerekano yo kumutuka ngo ni umusazi, nawe ahinduka umwansi w'igihugu inzego z'iperereza zari zicunze ko yohirahira agataha.
Prezida Buyoya yari afise imirwi myinshi yita abansi b'ubumwe n'amahoro vy'Abarundi, bakaba ari nabo bansi b'igihugu. Muri abo hari Prezida Bagaza n'abamushigikiye, hari abanywanyi ba Palipehutu, mu nyuma haza aba FRODEBU, imbere y'uko haza aba CNDD-FDD bo bari bafise izina rutura "tribalo-terroristes-génocidaires" (TTG). Prezida Buyoya nawe yarangije ubuzima yitwa umwansi w'igihugu, mu mwanya wambere bamwima no guhambwa mu gihugu ciwe.
Imyayamamazo yo mu 1993 yabayemwo ibitutsi vyinshi, impande zose zarambikana ibara. Prezida Melchior Ndadaye we yavuga abansi ba demokarasi, ba mpemuke-ndamuke... Ntitaramvye ku butegetsi, urwanko rw'ico gihe twatumye aga'dagurwa.
Prezida Ntaryamira, Prezida Ntibantunganya na Prezida Ndayizeye ntibashimitse cane ivyo kwita abandi abansi b'igihugu. Ariko bo nyene bari baravyiswe imbere yo kuja ku butegetsi. Barerekana imirwi bavuga ko ibangamiye umutekano w'igihugu, ariko bo babaye abaprezida baganira cane n'abo batavuga rumwe. Inyuma y'ubutegetsi Prezida Ntibantunganya yaratukwa, Prezida Ndayizeye we yaranapfunzwe nk'umwansi w'igihugu.
Prezida Nkurunziza ari mu bari baratutswe bikomeye nk'aba TTG, nawe aje ku butegetsi yaje ari gahebuza mu gutuka abo batavuga rumwe. Yama ariko arahiga ko umuriro uzotangurira iwabo ugaherera iwabo, ko bazohera nk'ifu y'imijira, ko urwembe ruzobamwa n'ibindi vyinshi.
Prezida Ndayishimiye nawe nyene ari mu bahoze batukwa bikomeye ko ari umwansi w'igihugu, abiswe aba TTG. Uyu musi nawe yambaye urwaga mu gutuka abo batavuga rumwe ko ari abansi b'igihugu, akajambo gashasha yaraye yadukanye nako kwita uwo wese yerekana ibitameze neza ko ari umu PDC akorera abakoroni.
🔴 Iyi disque irashaje. Harageze ko iyi mvugo ihagarara kuko nta n'ico igifise ivuga. None bose bamaze kwitwa abansi b'igihugu, haca hasigara nde agikunda ? Nimba Mwambutsa yari umwansi w'igihugu, Charrles Ndizeye akaba umwansi w'igihugu,nimba Micombero yari umwansi w'igihugu, Bagaza akaba uko, Buyoya akaba gutyo nyene, nimba Ndadaye yariswe umwansi w'igihugu, Ntaryamira bikaba uko, Ntibantunganya uko nyene, Ndayizeye uko nyene, nimba Nkurunziza yahoze ari umwansi w'Ubumwe, nimba Ndayishimiye yahoze agwanya Uburundi, none uwukunda Uburundi ni nde ? Ni nde abereye guca urubanza rw'abo basangiye igihugu ngo abiyemereko ko we akunda Uburundi kurusha abandi ?